Inkino

# Indundi Sports | Parfait Bizoza mu bakinyi bazotumwako mu Ntamba mu rugamba

 

Inyuma yo guhamagarwa mu rukino rwo kurondera itike ryo kwitabira inkino za CAN 2022 rwahuje Intamba na Maroc ariko ntahabwe umwanya wo gukina Parfait Bizoza agiye gusubira kwizerwa mu gutumwako mu nkino zibiri zizohuza Intamba na Centrafrique hamwe na Maroc .

Ivyo bikaba vyemejwe na Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constantin mu kiganiro yakoranye na Indundi Tv .

Bizoza Parfait akaba ari umwe mu bakinyi b’abarundi bakina hagati bari ku rwerwo rushimishije aho ariko aronderwa n’imigwi ikomakomeye y’iburaya nia St Etienne yo mubufaransa , Molde hamwe na Rosenborg zo muri Norvege tutibagiye na Fc Copenhague yo muri Danemark .

Mwomenya ko Parfait Bizoza akinira Umugwi Aalsunds Fk wahora mu cicaro ca mbere muri Norvege ariko muri kino gihe wakorotse mu cicaro ca kabiri.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037