Inkino

Perezida Evariste Ndayishimiye arababazwa no kubona Francine atahabwa agaciro

Mu nama ariko akorana n’urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura kugira bayage ingene rwokwitezimbere, mu majambo ahejeje gushikiriza urwaruka ruri ku kibuga Intwari, Perezida Evariste Ndayishimiye yavuze kuvyerekeye umunonotsikazi Francine Niyonsaba, akaba yagize ati:

’’Birababaje kubona uwujejwe inkino yibuka Francine Niyonsaba iyo hageze kuja guhiganwa mu makungu gusa , mu gihe bizwi neza ko Francine Niyonsaba aba agiye guserukira igihugu akinjiza n’ama dollars mu gihugu ariko abajejwe inkino bakaraba hirya , ivyo birababaje kubona abantu nk’abo batitaweho.

Mwomenya y’uko Francine Niyonsaba adasiba kuvuga y’uko atitaweho n’abajejwe inkino mu Burundi ndetse n’igihugu gisa nkicamutaye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037