Inkino

PLB: Amatohoza ariko arakorwa ku migwi imwe imwe yakoze amanyanga

 

 

 

Uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , Honorable Reverien Ndikuriyo yaraye ashimye cane ukungene ihiganwa rya Primus league ryo muri uno mwaka wa 2020-201 ryagenze.

 

yasubiye kandi arakeza Umugwi Messager Ngozi waraye utwaye igikombe ca Primus league 2020-2021, incuro zibiri wikurikiranya naho ihiganwa ritari ryoroshe gushika ku musi wanyuma wazo.

Muri iryo kete yasubiye kandi aragabisha ko urutonde rw’ingene imigwi yigenjeje muri iryo higanwa rya Primus league ruzoboneka inyuma y’amatohoza ku migwi imwemwe, abakinyi n’abahagarikizi bakoze amanyanga canke boba bariye ibiturire mu guhuvya inkino .

Benshi bakaba baciye babona y’uko Umugwi Messager Ngozi kuri ayo matohoza utarimwo bivanye n’uko bamaze kuwukeza bisigura ko ata kintu na kimwe cereyeka amanyanga bawusanzemwo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037