Inkino

#Indundi Sports | Rukinzo Fc yaguze abakinyi bashasha 7

Umugwi w’igiporisi c’uburundi Rukinzo Fc waraye uguze abakinyi 7 bashasha uzokwifashisha mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2020-2021

Abo bakinyi waguze akaba ari abakinyi beza cane bazowufasha ibitari bike mw’ihiganwa rikurikira .

Abo bakinyi akaba ari aba bakurikira :

1) Ndikumana Selemani benshi bazi kw’izina rya Landry ni umwe mu basatirizi beza akoresha ukuguru kw’ibubamfu akaba asanzwe afise igihagararo mbere akanatera imipira ikomeye inyaruka bita ama ( Shoot)

2) Nkurunziza Dannick akaba ari umukinyi mwiza nawe  akina kuruhande, yakora akina muri Les Messager,

3) Nininahazwe Fabrice batazira Messi umukinyi mwiza cane akina kuruhande kandi anyaruka cane akaba akinisha ukuguru kw’ibubampfu yahora akina mu mugwi wa Vital’o Fc naho atafashishe ikintu kinini Vital’o Fc mu nkino zo gusubiriza ariko ahawe umwanya ukwiye ashobora gufasha Rukinzo Fc ibitari bike .

4) Abdoul Karim Ramazani benshi bazi kwizina rya Parfait nawe no umukinyi mwiza akina inyuma naho umugwi yakinira ariwo LLB S4A wakorotse mu cicaro kabiri .

5) Kasongo Benjamin ni umukinyi mwiza  akina kuruhande kandi anyaruka akaba yahora akinira umugwi Aigle Noire, naho mw’ihiganwa ry’umwaka uheze bisa nivya mwankiye asanzwe ari umukinyi mwiza.

6) Hakizimama Kévin batazira Pastore  ni umwe mu bakinyi beza Rukinzo Fc yaguze akaba yahora akinira Police Fc wo mu gihugu c’Urwanda .

7) Ngabirano Théodore yigeze kuba kizigenza wa Bumamuru nawe nyene akaba ari umukinyi wo kuruhande akunda kugora cane abakinyi bo kuruhande .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037