Inkino

Saidi Ntibazonkiza agiye kuboneka mu kibuga mu rukino rwa Finale rugiye kubahuza na Simba Sc

Inyuma y’inkino zishika kuri 3 z’igikombe ca Mapinduzi ziriko zibere i Zanzibar ataboneka mu kibuga Umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza araza kuboneka ubwa mbere mu rukino rwa nyuma ( Finale ) rugiye kubahuza na Simba Sc .

Ayo makuru indundi Sport ikaba yayahwe n’umwe mu bantu bari muri Staff y’umugwi Yang Africans wo mu gisagara ca Dar Es Salaam.

Saidi Ntibazonkiza kuva aho ashikiye mu mugwi Yang africans amaze gutsinda ibitsindo 4 mu nkino 4 aranatanga n’imipira 3 ivyara ibitsindo .

Mwomenya y’uko Saidi Ntibazonkiza ariwe yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa Kigarama mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania Vodacom Premier League.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037