Inkino

Saidi Ntibazonkiza yakiriwe nk’umwami i Dar es Saalam

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 02 Kigarama 2020, isaha zitatu zo mw’ijoro 21h00 zo mu gihugu ca Tanzania niho umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza yashika ku kibuga c’indege ca Jilius Kambarage Nyerere kiri i Dar es salaam .

Saidi Ntakibazo akaba yakiriwe nk’umwami kuko abakunzi b’umugwi Yang Africans bari baje kumwakira bari benshi cane nkuko vyabonetse ku masanamu.

Ageze ku kibuga c’indege kiri i Dar es Salaam yavuze y’uko yashimishijwe cane ingene yakiriwe na bamwe mu bantu babarongozi ba Yang Africans  ndetse n’abakunzi b’umugwi kuko bamufashe nk’umwana wabo.

Abajijwe ingene yiteguriye ihiganwa ryo muri Tanzania yavuze y’uko ari umukinyi ategerezwa kwitegura kuko wewe ngo ntakunda kuvuga cane ahubwo akunda gukora ibikorwa hanyuma abantu bagaca bavuga ivyo babonye.

Saidi akaba azotangura gukina igenekerezo rya 15 Kigarama 2020 , agiye muri Yang asanzeyo abamenyereza b’abarundi aribo Cedric kaze umumenyereza mukuru hamwe na Vladmir Niyonkuru umumenyereza w’abanyegori.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037