Inkino

# Indundi Sports | Saidi Ntibazonkiza yaraye ahatswe kuva mu kibuga igihe yari ahejeje gutsinda igitsindo

 

kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2021, isaha imwe y’ijoro mu masaha ya hano iwacu niho Umugwi Yang Africans wari wakiriye Umugwi Gwambina Fc ki kibuga citiriwe Mukapa kiri i dar es Salaam mu rukino rw’indwi ya 26 rw’ihiganwa ryo muri Tanzania VPL.

 

Urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye Yang Africans yirahiye Gwambina Fc ibitsindo 3-1 , ivyo bitsindo bikaba vyinjijwe na Ditram Nchimbi , Bakari Mwamnyeto hamwe na Saidi Ntibazonkiza.

Saidi Ntibazonkiza ahejeje gutsinda igitsindo ntiyigeze aryohererwa ico gitsindo mbere aca asaba y’uko yosubirizwa yerekeza hanze y’ikibuga ariko munyuma bagenzi biwe nka kibwana Shomari na Michael Sarpong baciye bamusubiza mukibuga urukino ruca ruherera ngaho .

Inyuma y’urukino abo muri Staff ya Yang cane cane umumenyereza mukuru Mwambusi yaramwegeye barayaga ariko Saidi vyaboneka y’uko hari ikintu kitagenze neza hagati yiwe n’umumenyereza .

Ahejeje kuyaga n’umumenyereza yaciye akomera amashi abakunzi b’umugwi Yang Africans ndetse aranambura umwambaro yari yambaye arawubaterera.

Ivya Saidi Ntibazonkiza biheze uwundi mukinyi nawe nyene yerekanye ishavu ryiwe akaba ari Deus Kaseke aho nawe yasohotse n’ishavu ridasanzwe umenga nawe nyene yoba ashigikiye Saidi Ntibazonkiza.

Mu kiganiro Saidi Ntibazonkiza yakoranye n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru yabajijwe impamvu yoba yatumye ataryohererwa igitsindo yaciye yishura y’uko ata kintu nakimwe kiri hagati yiwe n’abakinyi naho bishika hakagira utubazo mu kibuga ariko muri rusangi ameze neza n’abagenzi biwe .

Umumenyereza Mwambusi nawe abajijwe impamvu yoba yatumye uwo mukinyi asaba yosubirizwa yaciye yishura y’uko yasavye gusubirizwa kubera umumezero yari afise inyuma
yo kwinjiza igitsindo .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,033