Inkino

Saido Ntibazonkiza ngo urukino rwose kuribo ni Final

Mugihe kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 26 Nzero 2020 umugwi wa Vital’O Fc wari uhejeje gutsinda umugwi wa Buja City ibitsindo 2-1 mu rukino rw’indwi ya 19 y’ihiganwa rya Primus league Burundi Kizigenza wa Vital’o Fc yagize ico ashikiriza abamenyeshamakuru bari bishikiye ku kibuga.

“Dushimira Imana kubona twaronse intsinzi kuko urukino urwarirwo rwose kuri twebwe ni nka Final ntituraba abandi mugabo twama twumvikana y’uko dutegerezwa gushika ku kintu kimwe”.

“Buja city ni umugwi mwiza ariko ico twoba twabarushije ni ishaka (Determination) ntakindi.

Abajikwe intumbero umugwi wa Vital’o Fc ufise muri uno mwaka kizigenza w’umugwi wa Vital’o Fc Saido Ntibazonkiza akaba yishuye y’uko badashaka kuraba umugwi uwariwo wose y’uko ubarusha canke ubegereye bobo baraba intsinzi gusa hama ibindi bakanimenya mu nyuma.

Uwo yahoze ari Kizigenza w’intamba mu rugamba mu myaka iheze kuva aho aziye mu mugwi Vital’o Fc uyo mugwi nturatsindwa n’urukino na rumwe bikaboneka y’uko yifatiye uwo mugwi wa Vital’o Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037