Inkino

Shaffig Dauda ngo nta mukinyi nka Saidi Ntibazonkiza muri Tanzania

Naho bamwe bavuga y’uko umwami w’umupira mu gihugu ca Tanzania ari uwitwa Clatous Chama asanzwe akinira Umugwi Simba sc kuri Shaffih Dauda si uko abibona.

Umumenyeshamakuru wo mu gihugu ca Tanzania asanzwe akorera insamirizi Clouds Fm yemeza y’uko abakinyi bose bakina mu gihugu ca Tanzaniya ata mukinyi ari ku rwego rwa Saidi Ntibazonkiza mw’ihiganwa rya Vodacom Premier league ivyo akaba yabivugiye ku mboneshakure yiwe yitwa Dauda Tv .

Shaffih avuga y’uko Saidi Ntibazonkiza ari igihangange c’umukinyi bivanye n’imigwi amaze gukinira iburaya mbere akaba yahuye mu kibuga n’ibihangange vy’abakinyi nka Ibrahimovic , Tiago Silva naba Ibrahimovic ivyo Clatous Chama ntarabishikako.

Mwomenya y’uko Saidi Ntibazonkiza kuva aho ashikiye mu mugwi Yang Africans amaze gutanga imipira ishika kuri 4 atanga n’imipira ivyara ibitsindo ishika kuri 3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036