Inkino

Shaka Tresor umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi ngo ntamasezero agifitaniye na Vital’o Fc

 

Umwe mu basatirizi binjije ibitsindo vyinshi Shaka Tresor akinira Vital’o Fc ngo imiryango iruguruye ku migwi imwipfuza.

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 04 Ruheshi 2021, niho haraye habaye ibirori vyo kurangiza ihiganwa rya Primus league 2020-2021, muri ivyo birori habayeho gutanga ubushimwe ku bakinyi bitwaye neza batandukanye .

Shaka Tresor asanzwe akinira umugwi Vital’o Fc yatowe nk’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi aho yanganije na Ndikumana Asman Gaden nawe nyene yarangije ihiganwa afise ibitsindo 15 bose bakaba bararonkejwe ubushimwe .

Mu kiyago gito Shaka yakoranye na Indundi Tv yavuze y’uko anezerewe cane kubona Imana yashoboye kumufasha agatorwa nawe nk’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi kuko ntivyari vyoroshe, agira ati :

«Ndanezerwe cane kubona nanje natowe nk’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi ntivyari vyoroshe. Icatumye nanje ntorwa nk’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi ni igihe nkomereka Asman Garden yari yamaze kunsumvya ibitsindo 3 ariko sinacitse intege Imana yaramfashije ndakira nsubiye mu kibuga naciye ntsinda ibitsindo bibiri urundi rukino nca nsubira gutsinda igitsindo niho guca tunganya ibitsindo nararyohewe cane kubona tunganije ibitsindo ».

Abajijwe y’uko azobandanya akinira Vital’o Fc Tresor Shaka yagize ati : «Muri kino gihe nta mugwi mfise ndigenga amasezerano nari mfitaniye na Vitao Fc ararangiye, umugwi wose unyipfuze tuganiriye neza nditeguye kuzowukinira »

Hambavu yo gutorwa nk’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi yashoboye no gutorwa mu rutonde rw’abakinyi 11 bigenjeje neza mw’ihiganwa rya Primus league 2020-2021.

Mwomenya y’uko Shaka tresor ari mu bakinyi batumweko mu mugwi nserukira gihugu w’intamba kwitegurira urukino rwakivandimwe ruzobahuza na Algerie igenekerezo rya 16 muri uku kwezi kwa Ruheshi 2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037