Inkino

Thilo Kehrer yatanguje ibikorwa vyo kwubaka ikigo ciwe

 

Umukinyi w’inyuma w’umugwi Paris Sait Germain yo mu Burafansa  Thilo Kehrer yashoboye gutanguza Umugambi wo gufasha urwaruka rw’u Burundi .

Mu ntumbero yo gufasha urwo rwaruka rw’Uburundi yaciye atanguza ibikorwa vyo kwubaka ikigo ciwe bwite mu ntara ya Gitega .

Ico kigo kikazoba arico kugarukira ku rwaruka rukunda gusahiriza  mu kwishura inyota y’urwaruka mu bijanye n’imico , inkino no kwubaka ubumenyi mu vy’akazi .

Ivyo bikorwa vyo kwubaka ico kigo bikaba vyatanguriye mu ntara ya Gitega ku murwa Mukuru wa Potike .

Mwomenya ko Thilo Kherer nyina wiwe afise Amamuko hano mu gihugu cacu mugihe se wiwe afise amamuko mu gihugu c’Ubudagi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037