Inkino

Ukutagira ibibuga mpuzamakungu bitumye Messager Ngozi yakirirwa i Dar Es Salaam

Umugwi wa Messager Ngozi uzoserukira igihugu mu nkino za CAF Champions League ugiye kwakirira umugwi Gendermerie wo muri Niger i Dar es Salaam ku kibuga ca Azam Complex Stadium.

Ivyo bikaba vyashikirijwe n’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Révérien Ndikuriyo mu nama ya bose ( Assemblée Générale) iriko ibera i Gitega .

Ivyo vyose bikana bibaye kumvo z’uko Uburundi budafise ikibuga kiri ku rwego mpuzamakungu cemewe na CAF, mbere n’umugwi Bumamuru Fc ushobora kwakirirwa kuri ico kibuga nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037