Inkino

Indundi Sports | Umugwi Aigle Noir ugiye gukina urukino rwa kivandimwe n’umugwi wa Simba Sc

Inyuma y’aho abakinyi ba Aigle Noir bamariye imisi bari mu gihugu ca Tanzania mu gisagara ca Arusha , bagiye gukina urukino rwa kivandimwe na Simba Sc, urwo rukino bakaba bazorukina kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Nyakanga 2021 ku kibuga ca Amr Abeid igihe c’isaha icumi 16h00 mu masaha y’i Bujumbura.

Mwomenya y’uko uwo mugwi Aigle Noir wari wagize ibibazo vy’isanganya mu kwezi guheze ariko muri kino gihe amagara yabo akaba yifashe neza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036