Inkino

Umugwi Musongati Fc washitse neza i Lusaka muri Zambia

 

Umugwi Musongati Fc wo mu ntara ya Gitega waserukiye Uburundi mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup waraye ushitse neza i Lusaka mu gihugu ca Zambia mu ntumbero yo gukina urukino rwo gusubiriza na Green Eagles yo muri ico gihugu.

Bikaba bitegekanijwe ko bakora imyimenyerezo ku kibuga bazokinirako urukino rwo gusubiriza ruzobahuza na Green Eagles kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 06 Kigarama 2020.

Urukino rwo gutangura rwabereye i Bujumbura Musongati yanganije na Green Eagles ibitsindo 2-2 , Musongati kugira ibandanye isabwa gutsinda urwo rukino canke inganye n’uwo mugwi ibitsindo 3-3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037