footballhomepageIKIRUNDI_newsInkino

#Indundi Sports| Umugwi nserukira gihugu wa Djibouti waraye ushitse i Bujumbura

Intamba mu rugamba z’abigeme zigiye kwakira igihigu ca Djibouti mu nkino zibiri zo gukurakuranamwo zizoyiha amahirwe yo kwitabira inkino za nyuma za CAN 2022 y’abigeme .

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2022 , niho abakinyi b’umugwi nserukira gihugu wa Djibouti w’abigeme waraye usesekaye mu gisagara ca Bujumbura. Abo bakinyi bakaba baje gukina inkino zibiri zo gukurakuranamwo zo kurondera itike yo kwitabira CAN 2022 y’abigeme aho uwo mugwi wasavye y’uko izo nkino zibiri zose zokinirwa hano mu Burundi bivanye n’ibibazo vy’ikibuga umugwi wa Djubouti usanzwe ufise.

Urukino rwa mbere rukazoba kuri uyu wa gatatu i genekerezo rya 16 Ruhuhuma 2022 rukazotangura igihe c’isaha icenda (15h00) ku kibuga Urukundo kiri mu ntara ya Ngozi mu gihe urwo gusubiriza ruzoba i genekerezo rya 21 Ruhuma isaha icenda nyene ku kuri ico kibuga nyene.

Mwomenya ko intamba zoramuka zitsinze izo nkino uko ari zibiri zizoba zandikishije amateka yo kwitabira ubwa mbere CAN 2022 y’abigeme.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807