Inkino

Umukuru w’igihugu yakeje Intamba mu rugamba

Inyuma y’aho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba utsindiye Mauritania ibitsindo 3-1 mu rukino rwo gusubiriza rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN 2021, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yakengurukiye abakinyi b’intamba ndetse n’abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Mu majambo yanditse kuri Twitter yiwe yagize ati: “Ndakeje vy’imvamutima Intamba mu rugamba n’abarongoye FFB kw’iteka bahejeje gutera igihugu cabibarutse mu gutahukana intsinzi mu rukino rwabahuje na Mauritanie. Nk’uko nabibaganiye, mwinjira mu kibuga muri bake , ariko abarundi bose muba muri kumwe. Imana ibakomeze”.

Mwomenya y’uko ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 14 Munyonyo 2020, Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari yashiriye amata abakinyi kugira baronke inguvu zo kwitwara neza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037