Inkino

# Indundi Sports | Umumenyereza wa Young Africans adatsinze inkino zibiri azoca yirukanwa

Inyuma yo gutsindwa mu rukino rwa kivandimwe rwari rwahuje Yang Africans na Zanaco yo muri Zambia ibitsindo 2-1 , agasubira kandi agatsindwa mu rukino rwo gutangura rwa CAF Champions League n’umugwi wa Rivers wo muri Nigeria igitsindo 1-0 , umumenyereza wa Young Africans Mohammed ari muyabira.

Amakuru dukura mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania avuga y’uko uwo mumenyereza yoba yahawe inkino zibiri gusa niy atazitsinda azoca asezererwa muri uwo mugwi.

Ivyo bikaba bije inyuma yo kuvuga amajambo atabereye kuri kizigenza w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza mu kuvuga y’uko atagifise ububasha bwo kurangiza urukino bivanye n’imyaka afise.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036