Inkino

Umurundi Didier Touya agiye gukinira umugwi wa Mbeya City wo muri Tanzania

Umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wamaze kugura umukinyi w‘umusatirizi w’umurundi Dider Touya yigeze gukinira umugwi LLBS4A.

Didier Touya akaba agiye gukinira umugwi Mbeya City ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania mu kiringo c’amezi 6.

Yakiniye imigwi yo mu gihugu ca Cameroun nka Union de Douala , Kadji Sport Academy akina muri Gabon mu mugwi Mounana , asubira akina muri Luanda muri Angola mu mugwi Petro. Mu Buganda yakiniye umugwi Express, mu gihugu ca Congo akinira umugwi Muungano mugihe ngaha iwacu yakiniye LLBS4A , mu Rwanda akinira umugwi Musanze Fc muri kino gihe akaba agiye gukinira umugwi Mbeya City wo muri Tanzania.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037