Inkino

# Indundi Sports | Uwariwe wese yipfuza guherekeza Intamba muri Mauritania imiryango iruguruye

Mu kiganiro yari yakoranye n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru Ku musi wa Gatanu Igenekerezo rya 16 Gitugutu 2020, uwuramutswa ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB umukenguzamateka Réverien Ndikuriyo muvyo yashikirije yavuze ko bagiye gukotesha indege izokura abakinyi,ndetse n’abazobaherekeza

Iyo ndege ikazobahagurutsa i Bujumbura ibashikane I Nouakchott mu gihugu ca Mauritania mu ntumbero yo gukina Urukino rwo gutangura kurondera itike yo kwitabira inkino za nyuma CAN 2021.

Urwo rukino rukazobahuza  na Mauritania hakazoba ari kw’ Igenekerezo  rya 11 Munyonyo 2020, iyo ndege nyene akaba ari nayo izoca ibagarukana.

Hakozaca hakurikira urukino rwo gusubiriza rukazoba kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo Ibujumbura .

Imiryango rero ikaba  yuguruye Ku bantu bose bipfuza guherekeza Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba muri Mauritania barashobora kwegera ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB kugira bamenye ibikenewe .

 

 

Mwomenya y’uko ribaye irya mbere Intamba mu rugamba zikota indege yazo kuvaho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB rishinzwe .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037