Inkino

# Indundi Sports | Uwutagira impamyabushozi ya CAF nta ruhusha azoba afise rwo kumenyereza

Ubuyobozi buraba ivy’ubuhinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, bwaraye bufashe ingingo nshasha yo gutemerera umumenyereza uwariwe wese ngo aje kumenyereza umugwi wo mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa  ry’umwaka wa 2020-2021 adafise licence C ya CAF, ndetse n’icegera ciwe bikaba bisaba ko azobe afise impamyabushobozi (licence) D ya CAF.

Mw’ikete ubwo buyobozi bwashize ahabona bukaba bwanditse aya majambo akurikira:”

Mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2020-2021 buca ritangura abamenyereza bemerewe kumenyereza mu cicaro ca mbere bisaba ko bazobe bafise licence zikurikira .”

1) Mu cicaro ca mbere bisaba ko ube ufise ni miburi buri licence C ya CAF.

B) Abamenyereza nabo bagira kabiri (adjoint) nabo nyene bisaba ko bazobe bafise n’imiburiburi Licence D ya CAF.

C) Muyandi mahiganwa atandukanye nayo nyene kugira wemererwe gufatwa nk’umumenyereza mukuru bikazogusaba Licence D ya CAF.

Nayo mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2021-2022 bizosabwa ko ugira Licence zikurikira kugira wemererwe kuba umumenyereza mukuru canke icegera .

A) kugira ube umumenyereza mukuru wo mu cicaro ca mbere bizosaba ko ni miburiburi uzoba ufise Licence B .

hama icegera c’umumenyereza mukuru bikazosaba ko agira Licence C .

Mu cicaro ca kabiri naho.

B) Umumenyereza mukuru bizosabwa ko aba afise nimiburiburi Licence C ya CAF nayo icegera ciwe  bikazosaba ko agira Licence D.

C) Mu vyicaro bitandukanye naho kugira uhamenyereze bizosabwa ko ugira Licence D ya CAF

Mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2022-2023 naho nyene bizosaba ko ugira Licence A gusa kugira wemererwe kuba Umumenyereza mukuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037