Inkino

# Indundi Sports | Yang Africans yaramaze kuriha Amissi Tambwe amahera yiwe

Inyuma yo kwitwarira Umugwi Yang Africans mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FIFA , Umugwi Yang Africans wahise uriha Amissi Tambwe amahera yiwe yose wari umufitiye.

Umusatirizi w’umurundi Amissi Tambwe akaba yaramaze igihe yishuza Yang Africans amahera angana n’imiriyoni 49 zamashiling yo muri Tanzania .

Mu misi iheze rero niho uwo mugwi wamushirira kuri Compte ayo mahera yose uwo mukinyi yishuza.

Mwomenya ko Yang Africans yari yafatiwe ibihano vyo kutagura abakinyi bashasha mu kiringo c’imyaka 3 n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu kw’isi FIFA mugihe batoriha uwo  mukinyi amahera yiwe .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037