Inkino

Yaoundé ngo ntacobuza ko Saidi Ntibazonkiza yoshikana imyaka 40 ariko arakina

 

Mu gihe umugwi w’intamba mu rugamba wari uhejeje kwirahira Mauritania ibitsindo 3-1 , umumenyereza Kanyenkore Jean Gibert Yaoundé  yarashimishijwe cane n’ingene Saidi Ntibazonkiza yavyifashemwo muri rurya rukino bivanye n’uko yibaza y’uko yari gusohoka bivanye n’ibikondoka.

«Ni ibitangaza ivyo Saidi Ntibazonkiza yakoze imyaka mirongo 33 si myinshi umuntu wifashe neza mu buzima bwawe bw’umupira w’amaguru si imyaka myinshi naba Cristiano bariko barakina bose naba Messi, Ntibazonkiza aracakomeye cane narinzi y’uko kubera ibikondoka ashobora gusohoka, mugabo yakinye urukino rwose ijana kw’ijana yazibiye arasatira yatsinze n’ibitsindo bibiri ni ukuvuga y’uko akiri muzima n’imyaka 40 yoyishikana nka Zlatan Ibrahimovic »

Mwomenya y’uko Saidi Ntibazonkiza kuva aho agarukiye mu Ntamba mu rugamba amaze gutsinda ibitsindo 4 mu nkino 3 amaze gukina.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037