Inkino

Zinedine Zidane yatanze imihoho muri Real Madrid

Umumenyereza mukuru wa Real Madrid umufaransa Zinedine Zidane yaraye atanze imihoho mu mugwi Real Madrid nk’uko bishikirizwa n’ibimenyeshamakuru inyuma ya Athletico Madrid gutwara igikombe co muri Espagne.

Umubano muke wa Zinedine Zidane hamwe n’uburongozi bwa Real Madrid watanguye kwibonekeza inyuma y’aho umugwi Real Madrid usezerewe n’umugwi Chelsea mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe ca UEFA Champions league .

Ni iryambere mu myaka 11  umugwi ukomeye Real Madrid ufise n’amateka adasanzwe kw’isi umara umwaka wose udatwara n’igikombe na kimwe .

Rikaba ribaye ubugira kabiri Zinedine Zidane atanga imihoho muri uwo mugwi Real Madrid inyuma y’umwaka wa 2018.

Mwomenya y’uko uwo mukinyi wa kera w’Ubufaransa Zinedine Zidane yafashije uwo mugwi nserukira gihugu gutwara igikombe c’isi mu mwaka wa 1998 igihe yari akiri umukinyi , mu mwaka wa 2016 niho yaciye aba umumenyereza mukuru wa Real Madrid awufasha gutwara igikombe ca Laliga mu mwaka wa 2017 munyuma aca atwara UEFA Champions League zigera kuri 3 yikurikiranije.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037