abakinyi bakina hanzefootballprimus ligue

#IndundiSports| Ndikumana Danny ku rugero rwiza cane

Wa muhungu umukinyi wa kera w’Ubufaransa yashima Ndikumana Danny ariko arabica bigacika.

Ndikumana Danny asanzwe afise imyaka 20 y’amavuko muri kino gihe ariko arabica bigacika mw’ihiganwa rya Primus League ryo mu Burundi 2021-2022.

Danny mu ndwi iheze niwe yafashije Rukinzo Fc gutsinda Bs Dynamik igitsindo 1-0 mu rukino rw’indwi ya 9 ya Primus League , ico gitsindo niwe yacinjije.

Uwo musore ingabirano yiwe yatanguye gushimwa na Sidney Govou umukinyi rurangiranwa wa kera w’umugwi nserukira gihugu w’Ubufaransa mu mwaka w’i 2014 igihe yari yaje mu Burundi mu ntumbero yo gushigikira abana ba nyamwema.

Muri urwo rugendo yakoze mu Burundi Sidney Govou yaronse akaryo ko kugendera Academie CDIF intwari irongowe na Honorable Pierre Rurakamvye batazira Abega niho guca abona iyo ngabirano idasanzwe iriko irabica bigacika muri kino gihe, uwo musore aca aronka n’akaryo ko kumuha agashimwe.

Uwo mukinyi biraboneka y’uko ataragira umu Agent mwiza ashobora kumuronderera umugwi, mugihe yomuronka arashobora gutera imbere gusumba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 205