IKIRUNDI_news

Ingabire ya big Fizzo yo gukina amareresi, imubereye nziza bugica   

Mu misi iheze hamenyekanye ko Mugani Desire benshi bamenye nka Big Fizzo azi gukina amareresi, ico abatari bake batamwibazako, kuko nawe nyene yiyemereye ko atarazi ko yobishoboye. Ico gihe hari mu gihe hariko hategurwa ireresi ryiswe Nobela ryakiniwe hano iwacu.

Iyo ngabire ya Mugani ikaba itanguye kumwerera bitandukanye n’ingabire y’ukuririmba yabanje kumutwara igihe kitari gito ariko arirondeza, noneho inyuma y’imyaka hafi 20 ikaza gutangura kugira ico imuhaye.

Muri uku kwezi  kwa 3 niho humvikana  ko Big Fizzo agiye gukina mu rindi reresi ariko ritazotegurwa n’abarundi canke ngo rikinirwe hano iwacu, nkuko amakuru amaze kumenyekana avyerekana. Iryo reresi bikaba bivurwa ko azorihuriramwo n’ibihangange bitandukanye mu muziki hano muri Africa nka mugenziwe Awilo asanzwe akomoka mu gihugu ca Congo.

Iryo reresi ryatanguye kuvugwa cane ritaranatangura gufatirwa amasanamu kubera abazoribonekamwo, niryo ngo ryatumye ico gihangange mu muziki ndundi afata urugendo kuri uyu wa 19/3 rumushikana mu gihugu ca Tanzania giheruka kubura umukuru w’igihugu, Nyakwigendera J.Pombe Magufuli.

Ibimujanye neza neza ntibiramenyekana, kuko ashobora kuba agiye gukina, canke agiye kuganira ibijanye n’agashahara canke ibindi vyose bizomufasha muri ico gihe azoba ariko arakina iryo reresi. Ariko kandi ntihanamenyekanye neza nimba yijanye canke yajanye n’uwundi muntu, kuko amakuru dufise nuko Manager mukuru wa Bantu bwoy ari nawe mutambukanyi wiwe we ashobora kuba akiri I Bujumbura.

Ku rubuga rwa Instagram co kimwe n’Urwa Facebook yabashije gusangiza abantu ishusho 1 ari ku kibuga c’indege agiye, uwo muririmvyi ntiyabashije kubona abaririmvyi bagenziwe bamwipfuriza urugendo rwiza, uretse abo asanzwe arereye muri Bantu Bwoy.

Ikindi cabashije kuboneka kuri urwo rubuga n’uko uwo muririmvyi yahawe umuco, abwirwa n’umwe mu babashije kugira ico bashikiriza kuri Instagram ko iyo ari intango y’imiryango myinshi Imana igiye kumwugururira muri uno mwaka wa 2021. Uwo muco yawuhawe n’umuntu tutabashije kumenya neza, anamwibutsa ko yabimubwiye mu ntango z’uno mwaka wa 2021.

Nkuko tubimenyereye ko Big Fizzo ari mu bantu batazi kuvuga amajambo menshi ariko bashira ibikorwa imbere, uwo muririmvyi birashoboka azoca akorera muri Tanzania igikorwa co kumenyekanisha ibikorwa vyiwe ku nsamirizi zitandukanye bakunze kwita Media Tours mu kinyamazuru. Ariko naho biruko, uno wa 19 wo uraye ataho abonetse mu binyamakuru vyo muri ico gihugu ko yamaze guhonyoza ikirenge mu kiramutsa Nyakubahwa Samia Suruhu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037