homepage

Intamba mu rugamba zigiye kuronswa uwozofasha kugorora imitsi y’abakinyi 

Umugwi nserukira gihugu W’Uburundi Intamba mu rugamba ugiye kuronka umuntu azohora afasha abakinyi mugutuma imitsi itembereza amaraso neza(Massage).

Ivyo tukaba twabisomye muri kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu c’Ububirigi.

Ico kinyamakuru kivuga y’uko uwo mugabo w’imyaka 43 yitwa Jerry Brumagne , yahora afasha Abakinyi b’umugwi wa Standard Pro wo mu bubirigi yemeye kuza gufasha umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba mu nkino zibiri zo kurondera uburenganzira bw’ugukina,
mugikombe c’isi kizoba mu mwaka wa 2026 , ruzohuza Uburundi n’ibihugu vya Kenya hamwe na Seychelles .

Umusamyi w’Intamba mu rugamba Bizimana Aladin niwe yagize uruhara kugira Uwo Mugabo azoze gufasha Intamba mu rugamba ataco arinze gusaba .

Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB) , bobo ntibahakana iyo nkuru canke ngo bayemeze co kimwe n’umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba Étienne Ndayiragije .

Jerry Brumagne azohurira n’abakinyi b’Intamba mu rugamba i Malawi Igenekerezo rya 03 Rusama 2024 , aho Uburundi bufise urukino rwa mbere n’igihugu ca Kenya Igenekerezo rya 07 Ruheshi 2024, mugihe urukino rugira kabiri ruzohuza Intamba mu rugamba na Seychelles ruzobera mu gihugu ca Maroc Igenekerezo rya 11 Ruheshi 2024.

Mwomenyako ivyo bihugu vya Kenya na Seychelles vyahisemwo kwakirira izo nkino muri ivyo bihugu bivanye n’uko navyo nyene bidafise ibibuga Mpuzamakungu vyemewe na FIFA co kimwe n’Uburundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686