Inkino

# Intamba zakwije amadorari ibihumbi 200,000$ yasabwa kigira zishike Mauritania

 

 

kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 02 Munyonyo isaha icumi (16h00)z’umuhingamo mu kigo c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru niho Ishirahamwe Lumitel ryahaye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB imiriyoni zigera kuri 100 zo kwitegurira inkino zibiri zigiye guhuza Uburundi na Mauritania hagati ya magenekerezo ya 11 na 15 Munyonyo 2020.

Lumitel yama itanga imiriyoni 140 buri umwaka yo guterera umugwi nserukira gihugu hamwe n’imiriyoni 30 zo guterera mu nkino z’igikombe c’umukiru w’igihugu yose hamwe n’imiriyoni 170.

Mu kiganiro uwutwara ishirahamwe ry’ umupira w’amaguru mu Burundi FFB Reverien Ndikuriyo yamenyesheje ko kugira hategurwe urukino rwa Mauritania hasabwa Amadorari ibihumbi amajana abiri 200,000 $ kandi yose yamaze kukwira .

Intamba mu rugamba zikaba zizogenda Mauritania n’indege zakotesheje iri mu bwoko bwa Air Kenya yakira abantu 140.

mwomenya y’ko kugira uherekeze Intamba mu rugamba bisabwa Imiriyoni 2 z’amarundi ukaba uzorihirwa ihoteri ndetse nivyo gupfungura.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036