Inkino

Intamba zigiye kwakirira Centre Africa mu gihugu c’Uburundi

 

Inyuma y’aho igihugu ca Maroc gifatiye ingingo yo guhagarika amahiganwa ya CAN U 17 yari yimirije kuba muri uku kwezi kwa Ntwarante igenekerezo rya 13 gushika 31 kumvo za Covid 19 Intamba mu rugamba ntizikigiye kwakirira Republic centrafrique mu gihugu ca Maroc ahubwo zigiye kuyakirira mu Burundi .

Mu majambo uwutwara FFB yanditse kurubuga ngurukana bumenyi yanditse y’uko Intamba zigiye kwakirira Centrafrique mu gihugu c ‘Uburundi .

akaba yagize ati ‘’ BURUNDI VS RCA

Stade Intwari
Mars 26 à 15h00. Murahawe ikaze. Turashimiye COMITÉ D’URGENCE DE LA CAF .

Mwokwibuka y’uko mu misi iheze uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Reverien Ndikuriyo yari yanditse kurubuga ngurukana bumenyi Facebook avuga y’uko bariko barayaga n’igihugu ca Maroc kugira barabe y’uko urwo rukino rwobera muri ico gihugu ariko bikaba birangiye Intamba zigiye kuwakirira mu Burundi .

Intamba rero zikaba zigiye kwakirira Republic Centrafrique mu Burundi igenekerezo rya 26 Ntwarante ku kibuga Intwari

Mwomenya y’uko intamba ziri mu mugwi E, n’amanota 4 zikaba zifata ikibanza ca 3 mugihe Maroc ifata ikibanza ca mbere n’amanota 10 igakurikirwa na Mauritania ifise amanota 5 mugihe Centrafrique ifata ikibanza canyuma n’amanota 3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037