BurundihomepageIKIRUNDI_newsJusticesociete

Intambamyi zituma agateka kazina muntu katubahirizwa nk’uko vyategerezwa

Bamwe mu bajejwe intwaro banka ingingo ziba zafashwe n’ubutungane hamwe no gushaka kwinjira mu kazi ku wundi ni zimwe mu ntambamyi zituma agateka ka zina muntu katubahirizwa nk’uko vyategerezwa.

Umukuru w’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, Sixte Vigny Nimuraba yabishikirije kuri uyu wa mbere i Gitega mu ruganda rwamuhuje n’abajejwe intwaro, umutekano n’ubutungane mu karere ko hagati n’ubuseruko kugira bababwire uruhara rwabo mu gutsimbataza agateka ka zina muntu.

Sixte Vigny Nimuraba ahamagarira umwe wese gukora ico ajejwe akareka kwinjira mu vyo uwundi.

Inkomoko : Radiyo Isanganiro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718