Entertainmenthomepage

Inyishu z’Umushikiranganji yatanze zararemesheje abaririmvyi

Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 16 Rusama 2023 Umushikiranganji w’inkino n’imicokama yari yahamagaje abaririmvyi kugira yumve ico bagona, akababaro boba baramushikirije mwibaza ko ari akahe?

Yatanguye abaremesha ngo ntibagire ubwoba muvyo baza kubaza vyose bisanzure bavugane atagutinyanya.

Ikibazo benshi bagiye bagarukako n’ikigo OBDEA cashizwe kuva mu mwaka 2011 kugira gikingire ibikorwa vy’abanyabuhinga ariko ngo gushika ubu haheze imyaka 12 abandikishije ibikorwa vyabo ataco barahanoba.

Umushikiranganji akicumva ico kibazo ko kigaruka Kenshi yaciye atumako uwurongoyeye ico kigo OBDEA ahari habereye Inama .

Ahashitse yarabajijwe impamvu ibikorwa vyikwega yavuze Ko ari intambamyi bagiye barahura nazo ninyinshi, harimwo nuko abaririmvyi bataza kwandikisha ibikorwa vyabo,nibindi vyasaba uburyo ariko ubu ibikorwa bikaba bigeze k’umusozo
igenekerezo rya 1 Ruheshi gushika igenekerezo rya 30 abanyabuhinga bose basabwa kuzoba barandikishije ibikorwa vyabo Hama bidatevye gushika muri Myandagaro batangure kurya kuvyo babiriye akuya.

N’igikorwa kitazoba coroshe kuko n’isekeza bisaba ko bafashwa n’abajejwe intwaro mu gukwiragira aho hose hakoreshwa ibikorwa vy’abahinga batabifitiye uruhusha.

Umushikiranganji yongeye arasaba ikigo OBDEA kuza batatunganya Inama rimwe mukwezi n’abaririmvyi kugira baze baramenyeshwa ibikorwa aho bigeze.

Kubwawe w’ibaza KO ari igiki kigiye guhinduka ufatiye k’uriki kiyago bashize imbere?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722