IKIRUNDI_news

Inyuma ya Buja Fm na Akezanet, Kigingi ariko akorera kuri facebook yiwe

Uburyo bw’amafaranga bwatanguye gushirwa mu gikorwa co kumenyekanisha Kigingi Live Show, ikiganiro akorera ku mbuga ngurukanabumenyi.

Nkuko urubuga rwa Facebook ruvyerekana, umugwi uri inyuma ya Kigingi Live Show watanguye kumenyekanisha ico kiganiro guhera kuri uyu wa 23/6 ku mbuga nka Facebook na Instagram(Sponsoring). Aho  hashobora kuba harishwe ayatari make, kugira urwo rubuga rubandanye rukure cane.

Ico kiganiro kikaba gica ku rubuga rwa Facebook hamwe no ku rubuga rwa Youtube ikibiriraho buri wa kane mw’ijoro isaha 2 z’ijoro (20h30), akaba buri gihe aba arikumwe n’abatumira batandukanye, kuri uyu wa kane akaba yararikumwe na Ornella Gahimbare benshi bazi nka Nelladematt.

Ico kiganiro kikaba kibonetse kuri urwo rubuga rwa Kigingi inyuma yaho kibanje kubonekera ku mbuga ngurukanabumenyi za Akeza.net, ariko mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe, nticasubira kuhaboneka, ariko noneho tubona ngo kigiye gutangura guca ku rubuga rwiwe rwa Facebook hamwe no kuri Youtube.

Ico kiganiro ca Kigingi ku mbuga ngurukanabumenyi kikaba gishobora kuba ari ica mbere agiye kuzoza akorera izo mbuga kuva atangura uwo mwuga. Kuko we kubwiwe yabona ko ibintu bitaratungana neza ngo atangure gucisha kuri izo mbuga, kuko mu kiyago yigeze gukora yamenyesheje ko bimusaba ibintu vyinshi kugira abikore.

Kigingi ariko imbere yaho akaba yari yarigeze kwidogerwa n’abatari bake impamvu adasohora ibikorwa vyiwe ku mbuga ngurukanabumenyi nka Youtube, akaba yari yamenyesheje ico gihe ko ata buryo bimwinjiriza, ahubwo akaba yamenyesha ko ikimwinjirza kiri ahandi.

Ico kiganiro kandi kikaba kigiye ahabona inyuma y’ikinjura muri Buja Fm, ikibanza yaramazemwo igihe kitari gito, kuko Kigingi ari mu batanguye gukorana n’iyo nsamirizi kuva itangura gusamirana hano iwacu. Ariko inyuma yaho akaba yari yaramenyesheje ko hari ivyo akiriko yiteguramwo, ngo vuba cane azoboneka mu bindi bikorwa, kandi vyiza.

Ico kiganiro kandi kikaba kigiye ahabona inyuma yaho kigingi yibiwe urubuga rwiwe rwa Facebook rwabarizwako abantu bababa 150,000. Ubu akaba yatanguye gukoresha urubuga rushasha rwa Facebook uno musi rugeze ku bantu 2708 barukurikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037