IKIRUNDI_news

Inyuma y’agacerere kare kare Gaga Blue ngo mwitege igisasu

Hakizimana Gael niyo mazina yahawe n’abavyeyi, mu mwuga wo kuririmba akaba azwi kw’izina rya Gaga Blue akunda gukora umudiho wa rap, amakuru indundi yari ifise n’uko yari yakubitiye mu gihugu kibanyi ca Tanzania amarayo igihe kitari gito araheza aragaruka mugabo aguma ari mu gacerere,
aho benshi bibaza ko yoba yarahevye umwuga.

Indundi Magazine twashatse kumenya ivyo yoba arimwo bituma aja mu gacerere
nawe ati nariko ndaruhuka gato nongera niyumvira kugira ngaruke nkora ku rwego ruhanitse.

Nayo kuvyerekeye ubwenge yoba yararahuye mu mahanga
yatwishuye ko bafise gushigikirana cane umunyamuziki ahabwa agaciro abanyamitahe baramaze kumenya icarico gushigikigira umunyamuziki, ko nabo baheza bakavyungukiramwo
ico yahamagariye abaririmvyi bagenziwe ngo ni bakundane.

Tumubajije kandi ico ategurira abakunzi biwe yatwishuye ati ejo aho bukera video yiwe izoba yasohotse yitwa “Urugurura”
akaba ariko aranitegurira kurekura album yiwe yarahejeje kuyikora mugabo ico akirindiriye akaba ari kuraba ukuntu nawe yoyisohore abona icoyinjiza.
Gaga blue akaba yasavye uwukunda akazi kiwe nayo ko uwushaka bakorana bungurana aramuhaye ikaze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037