IKIRUNDI_news

Inyuma y’izuka rya Frank Duniano yavuze impamvu y’ibura ryiwe

Bukuru Frank, niyo mazina yahawe n’abavyeyi akaba ari umu rapeur yahoze mu murwi Wanajeshi wari ugizwe n’ibihangange nka Fizzo, T max, Frank, Makidadi. Ivy’uwo murwi ko woba ukihari canke ko wasambutse bikaba biyobeye kuko uwo ubajije wese akubwira ngo wanajeshi turahari.

Ku mu rapeur Frank inyuma yaho contrat yiwe yo muri Ikoh irangiriye yabaye nk’uwubuze mu kibuga c’umuziki Niho vyavurwa ko asigaye akorana na Wananchi studio isanzwe ikorera mu Kamenge kwa mutama Zadieu. Ku makuru ava ku bamwegereye ngo aheruka kuronka ikibondo k’umuririmvyikazi akaba n’umumenyeshamakuru Adijoe. kuva aho aronkeye ikibondo hoho wamengo umuziki yahevye.

Ni kuri uyu wa gatatu itariki 3 Ntwarante 2021 twagiye tubona igikorwa ciwe gishasha ari kumwe n’umugore wiwe nyene. Yumvirize ngaha Tilalila by Frank Duniano X Adjoe

Aho yayaga na Indundi Magazine yavuze ngo ariko ategura Album yiwe izobonekamwo abaririmvyi batandukanye. Yoba ari umwana yari yatumye aja mu gacerere? Bandanya kubana natwe vyinshi uzovyisomera ngaha turiho ku bwanyu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037