IKIRUNDI_news

Inyuma y’urupfu rwa Karim Babel umugore wiwe nawe yahatswe kumukurikira

Mw’ijoro ryo kw’igenekwrezo ry’ 7 Ndamukiza niho humvikana induru y’umukenyezi muri komine ya Buyenzi kw’ibarabara ry’indwi.

Muti aho naho hari harihabaye iki?

Mu makuru yacu yo mu misi yahera twarababwiye umuririmvyi yitwa Karim Babel yavuka aho mu Buyenzi, yutavye Imana mu mpera z’umwaka 2021, ahitanywe n’indwara y’amafyigo.
Akaba yasize umugore azwi kw’izina rya Amina n’umwana umwe.

Uwo mugore akaba yagaragaje ko yamaze kuja murukundo n’uwundi mugabo.

Ngwaho utari burare wohava Kare
ngo yarakubitwa ntabone n’impamvu akubitwa niho gufata ingingo yo gusubira kwahukana nuwo yaragomba amubere umugabo.

Nyawayo ngo ntiyemera ko bamuheba aca afata ingingo yo ku muzimanganya ishusho yiwe mu kumutabuza inzembe.

Ico yaragamije yashimye kugikora mw’ijoro uziko ijoro ariryo abagizi ba nabi bikikamwo mukiza,
yamutegereye imbere y’irembo aho Amina yari yarahungiye amahiri, asohotse yitaba telefone yumva umuntu amusimbiyeko amutabagura niho gukoma induru atabaza nya muhungu azwi kw’izina rya Derick akaba ata wamenye irengero ryiwe.

Amina yaciye anyarukanwa kwa muganga umuryango uratabariza mu gi polisi umugizi wa nabi arafatwa kuko asanzwe aba muriyo komine nyene kw’ibarabara ry’icenda Ubu aka abarizwa mu gipolice mu kurindira ko amatohoza abandanya

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037