homepageAyagezwehoIKIRUNDI_news

Ishirahamwe ACOPA Burundi ryagarukiye ku miryango 12 y’abageze mu zabukuru

Ishirahamwe ACOPA Burundi ryagarukiye ku miryango 12 y’abageze mu zabukuru.

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 5 ruhuhuma 2022 Uburundi buramutse buhimbaza umusi mukuru w’ubumwe bw’abarundi, Ishirahamwe ryishinze guharanira amahoro ACOPA Burundi ryashimye kwifatanya n’abakamakare bari mu kigo kiri muri karitiye ya Mirango ya kabiri hagati y’ibarabara rya 14 n’irya 15, zone Kamenge, ikomine ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Iryo shirahamwe ACOPA BURUNDI rikaba ryaje ryibangikanije agaseke kagizwe n’ibifungurwa hamwe n’agafanta.

Isaac BAKANIBONA arongoye iryo shirahamwe amenyesha ko ico gikorwa baciyumviriye mu ntumbero yo gutsimbataza ubumwe bw’abarundi mu kugarukira ku bantu baba bafise amikoro make na cane cane abageze mu zabukuru.

Ku ruhande rw’abaronkejwe izo mfashanyo bakengurukiye cane iryo shirahamwe ryabagarukiyeko banarisaba kugarukira no ku bandi batagira Shinge na Rugero. Baboneyeho no gusaba Reta y’Uburundi kubafasha gutorera umuti ikibazo bafitaniye na Paruwase ya Kamenge iriko ishaka kubirukana mu matongo babamwo.

Tubamenyeshe ko ico gikorwa c’urukundo cakozwe n’iryo shirahamwe ACOPA Burundi kimaze kurangira baciye baja kurabira hamwe ivyo bashoboye kurangura mu mwaka w’2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686