BurundiBusinessEconomyhomepageIKIRUNDI_news

Ishirahamwe Regideso riguma rifata abaryambura

Kuva aho riboneye ko hari abantu bamwe bamwe bihaye ingendo itameze neza y’ukuza barikika mu kiza biba umuyagankuba n’amazi, ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amazi n’umuyagankuba mu bantu REGIDESO ryaciye ritangura kuza rirasuzuma mu bibanza bitandukanye riraba abo bikika mukiza.

Ni kuwa mbere igenekerezo rya 10 Rusama 2021 neza na neza i Nyarukenke muri zone Rushubi, komine Isale mu ntara ya Bujumbura benshi bakunze kwita Bujumbura Rural aho iryo shirahamwe Regideso ryasanze umuntu amaze igihe akoresha umuyagankuba ataco yinjiza mu kigega c’iryo shirahamwe, (ca Reta).

Uwo muntu basanze akoresha umuyagankuba atawucishije muri ca cuma cerekana uwuba usohotse (compteur), basanga bamuharurako amafaranga y’amarundi angana n’imiriyoni zitandatu n’ibihumbi amajana atanu (6.500.000Fbu).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 719