IKIRUNDI_news

Ishoka n’igiti Kirikou Akili yavuga ni bande?

Ubutumwa bwacishijwe ku rubuga rwa Whatsapp rwa Kirikou buteye amakenga abatari bake mu bakurikiranira hafi ivy’umuziki wa hano iwacu. 

Ubwo butumwa, uwo muririmvyi yacishije bukaba ari nk’umugani aho yavuze ko Iyo igiti kimenya ayo ishoka izogikorera, ngo nticari kuyiha umuhini.

Ubwo butumwa bukaba bwatanguye kurabishwa kwa Big Fizzo bivugwa ko badacana uwaka, ariko kandi abandi bakavuga ko bushobora kuba ari bumwe mu buzoshikirizwa mu ndirimbo yiwe nshasha yitezwe n’abatari bake.

Iryo buye ryatewe mu mwiza, rikaba ribonetse inyuma y’ifutwa ry’amashusho yiwe yose yaboneka ku rubuga rwiwe rwa Instagram, aho urwo rubuga rwasigayeko isanamu ry’ireresi ryaho yambere ryakunzwe cane ryari rizwe nka Commando majaketi, aho ubutumwa bwarikurikiye bwavuga ko hagiye guhinduka ibintu mu Muziki wa hano iwacu.

Ivyo kandi bikaba bije mu gihe hitezwe indirimbo ya Kirikou, inyuma y’amezi 2 asohoye Biraharawe imaze kurabwa n’abarenga 264,000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

Iryo buye kandi rikaba ritewe mu gihe bizwi ko hari hagize imsii hari uguterana amajambo hagati ya Mugani na Double jay, avuga ko anaheraniwe amafaranga atari make kuva ava muri Bantu bwoy atarahabwa, kuko yavuyeyo bakimuheranye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037