IKIRUNDI_news

Israel Mbonyi ngo naho bamwishe mu vyiyumviro, ariko aracari muzima

Amatangazo y’abapfuye kandi bakiri bazi arabandanya gusohorwa hirya no hino n’abantu batandukanye bakoresha imbuga ngurukanabumenyi. Ivyo n’ibiherutse gushikira umuririmvyi w’umunyarwanda afise amamuko i Murenge ariwe Israel Mbonyi. 

Mu gatondo ko kuri uyu wa mbere, inkuru yavyukije abantu kuri Facebook y’uwo muririmvyi akorera akazi kiwe i Kigali, n’akidogo kadasanzwe aho bari bamwanditseko ko yoba yitavye Imana. Yagize ati : ʺ Ibi vyari ngombwa ? Urudandazwa rw’ama Views rumaze gutuma abantu bata ubugabo ! Ku ncuti zanje ndetse n’umuryango munini unkunda, NDI MUZIMA CANE KURUSHAHOʺ

Ikiboneka co, ababikoze, bashobora kuba bari bafise umugambi wo guhamagararira abantu kija kuri urwo rubuga rwabo rwa Youtube, kuko iyo Video ivuga ivyo itigeze ihaboneka, kuko n’iyo shusho yakwirakwijwe biraboneka neza ko ari inkorano.

Ivyo bikaba bitabaye irya mbere, kuko na hano iwacu co kimwe no mu karere biramaze kuboneka ko abantu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi bashikiriza ububeshi bwinshi bisunze izo mbuga kenshi atawumenya uwuri inyuma yazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037