IKIRUNDI_news

Issa Jamal AKA Yoya ngo ari mu nzira

Issa Jamal benshi bamenye nka Yoya ngo yoba ari mu nzira, ivyo uwo muririmvyi akaba yabimenyesheje ku rubuga rwiwe rwa Instagram muri iyi misi ibiri uwa gatanu n’uwa gatandatu ya mbere y’ukwezi kwa 12.

Mu ma commentaire yashize kuri  Video yabonetse kuri urwo rubuga aho yariko asubiramwo indirimbo “Muramumbwirira”, aho yariko yishura abafana biwe bariko bamusaba ko asubira kuboneka, uwo muririmvyi abarizwa muri kino gihe ku mugabane wa buraya, yagarutse cane ku muzo wiwe.

Uwo muririmvyi ku marira y’abatari bake basaba ko yosubira kandi kuboneka kugira asubire abaryohere, Yoya yumvikanishije ko azosubira kandi kuboneka Vuba cane, ariko kandi akaba yanabwiye uwundi ko ibiri inyuma bikomeye abantu  uko bazovyakira bitazoborohera.

Ivyo uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe mu kiganiro mu mezi aheze yahaye  umumenyeshamakuru Hosy Irakoze kuri Siren Vibe yavuze ko hari ibikorwa biriko birategurwa, ariko kandi akaba yabonetse ari muri Studio yiwe yo muhira, gutyo gukora bigaca vyoroha.

Uwo mwanditsi w’indirimbo zitari nke zakunzwe na benshi akaba aheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe ka nyuma mu mwaka wa 2019 mu kwezi kw’8, kuva ico gihe abantu bakaba batarasubira kandi kubona igishasha ciwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037