BurundiEntertainmentkirundi

Ivya B-Face na Natacha vyamenyekanye

Inyuma y’ururirimbo “Hindukira ” collabo ya B-Face na Natacha , indirimbo yakunzwe cane n’abakunzi b’umuziki ndundi,munyuma iza gufatirwa ibihano, amafoto  n’amajambo yari amaze iminsi abavugwako yerekana ko  bari biteguriye gusohora iyindi ndirimbo barikumwe (Collabo.)

Ariko kuri uno wambere igenekerezo rya 10 Myandagaro ,Natacha yatangaje abakunzi b’umuziki ndundi mu gushira ahabona amasanamu y’indirimbo nshasha yiwe wenyene yitwa “ZUNZA” , indirimbo iboneka neza ko ifise amasanamu meza ariko n’umuririmvyi B -Face yanagaragayemwo.

Mbega ko muri ayo masanamu habonekako isanamu y’ikibanza cabonetse kw’ifoto ya Natacha na B-Face, ivya collabo yabo vyoba vyari ibihuha koko canke twitege ikindi gikorwa cabo vuba mugihe indirimbo yabo ya “Hindukira” itakivuzwa ku ma radiyo ari ku butaka bw’Uburundi kubera ibihano yafatiwe bivanye n’amajambo yanditswemwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583