IKIRUNDI_news

Ivya Juma Jux na Huddah Monroe vyasubiye kugirwako amakenga menshi

Ubucuti buri hagati ya Juma Jux hamwe n’umunyamideri Huddah Monroe bwasubiye kandi kutavugwako rumwe n’abatari bake inyuma y’ivyo Juma yakoreye ku rubuga rwiwe rwa Instagram ku musi w’ejo.

Inkuru yari igize amasaha makeya iriko iravugwa kuri uwo muririmvyi, n’igurwa ry’imodoka nshasha iri mu bwoko wa Mercedes Benz iri mu zizimvye isi ifise. Iyo ikaba ije isanga iyindi nayo itari yoroshe yarasanzwe akoresha.

Yereka abatari bake basanzwe bamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Instagram iyo modoka, yahavuye ashira ahabona akazina yanayihaye. Iyo modoka yayerekananye n’iyo yahora afise, ariko kandi anayerekanana n’inzu y’igoroga (Etage) asanzwe abamwo.

Iryo zina yahaye iyo modoka, ni Huddah, izina ryagarukanywe n’uwo muririmvyi mu gihe bizwi cane ko afitanye ubucuti bwa hafi cane n’uwo munyamideri w’umunya Kenya abarizwa uno musi I Dubai kuko ariho asigaye akorera akazi kiwe.

Mu misi iheze, uwo munyamideri na Juma Jux barabonetse barikumwe mu kigwa ca Zanzibar muri Tanzania aho babonetse bari mu nzu y’abahita (Hotel) imwe, eka n’amafoto n’amashusho bagiye basohora ku mbuga ngurukanabumenyi basanzwe bakoresha, zerekana neza ko barikumwe.

Mwomenya kandi ko mu kiganiro uwo munyamideri yahaye imboneshakure yo muri Tanzania, EATV, yamenyesheje ko umwe mu basore bo muri afrika y’ubuseruko akunda cane, kandi yipfuza ko bakundana ari Juma Jux.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037