IKIRUNDI_news

Ivya rya deni rivugwa kuri Olegue, bihinduye ibara

Abambika Olegue ngo ibiheruka kuvugwa ko yoba agiye kwitwarirwa n’abantu afitiye amafaranga arenga 1,000,000 y’ideni ry’impuzu yaguranye, ngo ntavyo bazi kuko bo atabaheraniye.  

Ivyo biheruka gushikirizwa n’umwe mu bakozi b’inzu isanzwe imwambika buri gihe iyo agiye mu bikorwa bitandukanye, bakaba ari nabo bamwambitse impuzu yari yambaye mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya Tagata na Primustar, kiri no mu vyamuhaye amanota meza.

Naho bavuga ko ataribo, bavuga ko bitavuze ko atoba ayaheranye, kuko mu masezerano bafitanye ataho bavuga ko ategerezwa kubashorera bo nyene, nkuko uwo mu STyliste yaganiriye na Buja Hit Tv yabishikirije.

Muri ico kiyago bakaba bamenyesheje kandi ko ata mahera yandi y’inyongera kuyo basanzwe bahabwa iyo bakoranye ngo bahawe kubera bamwambitse agatsindira Imiliyoni 15, ahubwo akaba ngo yahaye akabahasha uwazanye irya Design y’irya mpuzu yari yambaye.

Ivy’iryo deni ridatahuritse ryavuzwe, bikaba vyavuzwe n’abantu 2 gusa, aribo Ismail Niyonkuru na Nelly nat bose bigeze gukorera Rema Fm, akaba ata bandi bamenyeshamaku bagicishije mu biganiro vyabo.

Mwomenya ko ivy’ayo mafaranga vyavuzwe mu gihe hariko havugwa ivy’ifungwa rya Sat-b, aho abantu bari batanguye kuvuga ko yoba nawe agiye gukurikira. Ariko kandi bakaba baratangaye ukuntu yoba aheranye ayo mafaranga mu gihe yaheruka gutsindira imiliyoni 15.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037