Burundi-GospelGospelkirundi

Ivyananiye benshi mu ba Pastori muri Holy Center babishitseko.

Ibombora bombora, ukwangazanya, gushengezanya, bigashika naho barwana, niyo makuru yaramaze imisi avurwa mu mashengero meshi hano mgihugu cacu.

 

Kuri uwu w’imana igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2021 niho mw’ishengero Holy Center ku cicaro caryo mu Ngagara , hafi y’isoko habereye ibisikanya hagati y’uwahoze ari umwungere w’ishengero Holy Center i Bujumbura, Firmin Bizimana hamwe n’uwamusubiriye muri ayo mabanga yaramazemwo imyaka itatu ariwe Pasteur Peter Ndagijimana.

Imbere y ‘ishengero n’abamenyeshamakuru bakaba bahanahanye bimwe mu birango vy’ishengero,ikidodo,uko ubutunzi bw’ishengero bwifashe hamwe n’urutonde rw’aba kristo basengera muri iryo shengero rikorera ahitwa Eden d’ocaf.

Intumwa y’ishengero Apotre Jean Paul akaba yakengurutse iyo ngendo, yabwiye abari aho ko vyakozwe mu ntumbero yo kwagura ubwami bw’Imana aho bagiye kuva ku mashami agera kw’icenda bafise mu gihugu cose gushika iryo shengero rishinzwe kw’isi yose.

Abajijwe imvo iryo shengero riguma rihagaze neza mu gihe ayandi arangwamwo imvururu Apotre Jean Paul yamenyesheje ko ico bakora cose barabana n’uwabatumye hamwe n’umurimo yabatumye.

Akaba yaboneyeho no ku menyesha imvo yaramaze imisi ari mu gacerere, aho yavuze ko yahora mu mwiherero, ubu agarutse mu bikorwa vyo gushigikira impano mu rwaruka ndetse no gutanga inyigisho z’uburongozi bwiza nk’uko yabikoze arikumwe n’ibisongerezi mu gipolisi c’uburundi mu bigo vya maison suédoise.

Pasteur Peter Ndagijimana yamenyesheje ko mu vyifuzo afise ari uko Holy center yokwiyubakira urushengero rwayo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 458