IKIRUNDI_news

Ivyari Urukundo, vyahindutse ukwagirizanya Ubusuma hagati ya Miss Erica na Kent p

Imbuga ngurukanabumenyi nka zose z’umuririmvyikazi Miss Erica ngo ntizikibarizwa mu maboko yiwe, zibarizwa mu maboko ya Kent-p yigeze kuba Manager wiwe muri Empire Avenue ariko kandi akaba n’umukunzi wiwe naho vyahishahishwe cane.

Imvo y’ugufata mpiri izo mbuga, Miss Erica avuga ko ari ugushaka kumutera ubwoba ngo ntacire hafi ikibazo kiri hagati yabo. Ico kibazo naco Miss Erica avuga ko ari ibikorwa Kent-p atamukoreye kandi  yategerezwa kubikora, kuko uburyo bwo kubikora bwari bwaramaze gutangwa na Management ifise mu maboko Miss Erica, ariyo We Entertaiment.

Uwo muririmvyikazi muri Live yakoze kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 20/6 mw’ijoro, yamenyesheje ko ubwo buryo bwatanzwe na We Entertaiment, buhabwa Kora Ent. ifise mu minwe na Kent-p, bwari ubwo gukora indirimbo zivuga(Audio) hamwe n’amasanamu yazo(Video), hakorwe n’ama Photoshoot, mbere inamenyekanishwe haba mu gihugu canke inyuma y’igihugu.

Ayo mafaranga avurwa akaba angana n’2000$ ashobora kuba angana n’6,000,000 z’amafaranga y’amarundi, ayo akaba yari aya mbere, kuko uburyo bwose bwari bwasabwe bwangana n’5,000$, nkuko amateke bandikiraniye yerekanywe kuri izo mbuga avyerekana.

Imitahe ihamagazwa bamwe ikaba imaze gusohoka nkuko yabandanije abishikiriza, naho we kubwiwe ngo yipfuza ko bitorerwa umuti hagati yabo, muga ngo ivyari mu majambo bisa n’ivyamazekuja mu ngumu.

Uwo muririmvyikazi yanacishijemwo ko yoba yaribwe bimwe biboneka mu gihe yari musi y’uburongozi bw’uwo musore, arabibona ariko ahitamwo kubihora.  Yanamenyesheje ko Kent-p ariwe afise mu ntoke imbuga ngurukanabumenyi zose z’abaririmvyi afise mu ntoke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037