IKIRUNDI_news

Ivyatuma B kobra adasohora bishasha bigiye guhagarara

Umwigeme akiri muto amaze n’umwanya muto mu mwuga wo kuririmba ariko amaze gukora bigashimwa kuburyo bitanatevye yaciye aronka abamufata no mu mugongo( manageur).

Umudiho wa hip-hop niwo yatanguranye bimutera kumenyekana cane kuko abaririmvyikazi benshi b’abarundi batawubahuka .

Ukwezi kwa gatandatu 2021 niho yaheruka gusohora indirimbo yiwe “Fine gerl” arikumwe n’umuririmvyika Monna Walda,
hari haciye hafi amezi 6 adasohora indirimbo nshasha.

Uno musi igenekerezo rya 27 Kigarama 2021 nkuko yari yatanze isango ryabaye ntabanduka indirimbo yiwe ” I miss u”ibarizwa ku rubuga rwiwe rwa youtube *B Kobra*

Nayo igituma yamaze ico gihe cose adasohora nkuko yabisiguriye indundi Magazine ngo Ni uko yaciye abura umuvyeyi wiwe akabariwe Se, yabanje kubangira kuko yaragifise akababaro k’ibihe yarimwo bitari vyoroshe.

Nayo ico yemereye abakunzi biwe ngo ni uko umwaka wa 2022 agiye gukora yitanga aze arasohora indirimbo inyuma y’amezi 2 agume arikumwanya vyose akizera kwazobifashwa n’Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037