BurundiCooperationhomepageIKIRUNDI_news

Ivyavuye mu mubonana Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagiranye na Perezida Felix Tshisekedi

Mu rugendo rw’imisi itatu arimwo mu gihugu kibanyi ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yabonanye na mugenziwe Felix Antoine Tshisekedi Tshilombo aho baganiriye ibitari bike.

Muvyo abo bubahwa baganiriye harimwo ugutsimbataza umutekano hagati y’Uburundi na Congo na canecane ku rubibe ivyo bihugu bibiri bihana mu ntumbero yo kubagura uguhanahana ibidandazwa hamwe n’uruja n’uruza hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yakengurutse cane ukuntu yakiriwe ashitse muri ico gihugu atibagiye abarundi baba muri ico gihugu bamwakirije igishika kidasanzwe.

Yaboneyeho akaryo ko guhoza abanyekongo bose baheruka kubura umu “cardinal” Laurent Mosengwo ari mu Bitariyano.

Ku ruhande rwiwe, Perezida Felix Antoine Tchisekedi Tchilombo yakengurukiye cane mugenziwe Evariste Ndayishimiye kukuntu aguma ababa hafi haba mu vyiza canke ibihe bitoroshe agira ati ivyo vyerekana urukundo rw’abavukana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721