kirundi

Ivyo Mkombozi ashikirije kw’ipfungwa rya Bruce Melodie

Igenekerezo rya 31 Myandagaro 2022 niho hari hitezwe umuririmvyi ava mu gihugu c’Urwanda Bruce Mélodie yakiranywe igishika n’abanditsi n’abamenyeshamakuru ku kibuga c’indege akaba yari azanywe no gukora ibiteramo bibiri, igenekerezo ya 2 na 3 Nyakanga uyu mwaka nyene mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo munezero ukaba wamaze akanya urume rumara kuko mu kibanza hari hatekanijwe ko atangiramwo ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru baramurindiriye amaso ahera mu nzira.

Imvo zagiye kumenyeshwa mu nyuma ngo yafashwe n’igipolisi yagirizwa kudasubiza amahera yari yahawe n’umurwizatunga w’umurundi hama ntiyaza muri ico giteramo.

Hirya n’ino ku mbuga ngurukana bumenyi babandanya bavuga ukungene babona ipfungwa ry’uwo muririmvyi. Mkombozi nawe yanditse agira ati: “none umukozi umupfunze niho akuriha amahera yawe? kuki utomureka agakora hanyuma akakuriha?  Bruce Mélodie yaje gukora igiteramo gihagaze niho yoronka ayo kuriha?
None nawe aharuye dépenses y’igiteramo na team nzima yazanye tugasanga yarenga ayo bamwagiriza bica bigenda gute? Inyishu itera ibibazo irutwa n’ikibazo.”

Ivyo nivyo bibazo Mkombozi afise yacishije ku rubuga rwiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 453