IKIRUNDI_news

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

Amazina yahawe n’abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw’izina rya Jaja Jeanine

Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw’ishure ry’abana
mu nyuma yaho araheza abifata nk’umwuga.

Jaja aravuga neza ko ashima intambwe abandanya atera kuko n’ibihugu vyose yashoboye kugendera hari kubera impano yiwe yo kuririmba.

Aheruka kurekura indirimbo yiwe :
” Dufise Imana” ,Hari haciye igihe umengo yahoze no kuririmba asa nuwabivuyemwo
Igenekerezo rya 25 gitugutu 2021 yasubiye ararekura indirimbo yiwe izwi kw’izina rya “Mwimbiyeni Mungu” nyarukira kuri youtube yiwe ni Jaja Jeanine wirabire ibikorwa vyiwe.
Uretse KO aririmba afise n’iyindi mpango yo gukina amareresi.
Tumubajije imigambi yiwe yo muri kazoza yatwishuye agira ati:”
Imigambi mfise nuko nogera aho Jewe nifuza kugera biciye mu ndirimbo ndiko ndasohora benshi babohoke abagwayi bakire abafise ibibazo bitandukanye bironkereho inyishu .”

Twarangije tumushimira tumwipfuriza n’iterambere mu migambi yiwe .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037