IKIRUNDI_news

Jay Polly yitavye Imana 

Umuririmvyi w’umunyarwanda yamenyekanye cane kw’izina rya Jay Polly yitavye Imana nkuko ibinyamakuru vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda bibishikirizwa.

Uwo muririmvyi akaba yitavye Imana inyuma y’ugufungurwa Aho yahorwa gukoresha ibiyayuramutwe, hamwe n’ukudakurikiza amabwirizwa agenga kwirinda ikiza ca COVID 19.

Jay Polly akaba yasandavye yari muri bimwe mu bitaro bikuru bibarizwa I Kigali mu Rwanda.

Jay Polly asandavye asize umugore n’abana bari bakiri bato, rikaba Kandi ritari irya mbere bamufunze kuko mu myaka yahera yigeze gufungwa igihe kitari gito ahorwa guhohotera umugore wiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036