Entertainmenthomepage

John Elarts arahagamye ikimenyeshamakuru Inyarwanda

Abarundi Kuri Facebook ntibariko barahuza n’ikimenyeshamakuru co m’Urwanda, kubera inkuru banditse Kuri ya Ndirimbo nshasha ya Element, aho uwafashe amasanamu ari John Elarts hamwe n”uwundi yitwa BJC, ariko ico kimenyeshamakuru kikandika ko yafashwe n’uwitwa Gad.

 

Kuri iyo nkuru yanditswe mw’ijoro ryo Kuri uwu wa mbere, haheze amasaha makeya iyo ndirimbo isohotse, abarundi babonetse ari benshi cane babaza igituma ico kimenyeshamakuru canse kwandika ko uwo murundi ariwe yafashe ayo masanamu.
Abandi bo bakaba basaba ico ko co kwikubita agashi, kigashiramwo iryo zina vyanse ko bongeramwo, ariko ku mafoto ho akaboneka ko ariwe yayafashe.
Bamwe mu bashikirije ako gashavu kabo bagize bati:”
Inyarwanda kuvuga John Elarts vyaguteye isoni,
Inyarwanda amashusho ni John Elarts from Burundi yayafashe, mureke inzigo. Hama murabe nuyo ariko arayafata uwariwe.

Inyarwanda kuki mutavuga ko amashusho yakoze Umurundi, Kandi turi kumubona, ariwe ari kuyafata. John Elarts from Burundi ntawe muzi? Canke twavuga ko ari kwijijisha.
Inyarwanda nta makuru mufise, amasanamu ariko afatwa na John Elarts Umurundi mpuzamakungu mu bijanye n’ifatwa ry’amasanamu.
Iyo muva murikunda, aha nyene murirengagije akazi John Elarts yakoze mu gufata amasanamu.

Uwo yambaye agapira ka red ubona ari GAD? Mwagiye mureka inzigo mukavuga ko bafadikanije mu gukora amashusho hari ico vyoba bitwaye? Ako kantu si keza.
John Elarts ko mumubanira Kandi nawe mubakayoboye arimwo? Reka inzigo, GAD niwe yagakoze wenyene?
Tag Please our Best Director John Elarts niwe turiko tubona, edit and tag. N’umuntu twubaha cane Kandi ku rwego rw’igihugu c’Uburundi, n’isi yose. Turasavye dushimitse edit and Tag our best Director John Elarts.

Nkuko vyavuzwe n’umwe mu bagize Commentaire, naho batabashije kumushira muri Tag zakozwe n’ico kinyamakuru, abafana n’abarundi batari bake bo bakaba bakoze Tag nyinshi cane.
Ariko Kandi ivyo abarundi bakoze Kuri urwo rubuga, hakaba hari umwe mu bagize Commentaire yari yabivuze, aho yababwiye ko kuba batamushizemwo bitagiye kuborohera Kuri urwo rubuga.
John Elarts ku batabibonye, akaba atariwe yakoze ayo masanamu, ariko akaba ari mu mugwi wafashe amashusho yakoreshejwe mu gukora ayo masanamu.

Uwo muhungu w’umunya Makamba akaba ariwe agize igihe arikoaAkora amasanamu y’indirimbo zitari nke I Kigali, zirimwo iz’abarundi n’iz’abanyarwanda. Kandi izo ariko arakora zikaba ata z’abaririmvyi basanzwe zirimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722